Uko wahagera

Intumwa y'Amerika Irumvikanisha Isirayeli na Palestina


Jason Greenblatt, intumwa idasanzwe ya perezida Donald Trump mu karere k'uburasirazuba bwo hagati.
Jason Greenblatt, intumwa idasanzwe ya perezida Donald Trump mu karere k'uburasirazuba bwo hagati.

Intumwa idasanzwe ya Reta zunze ubumwe z’Amerika mu burasirazuba bwo hagati, Jason Greenblatt, yari mu rugendo muri Isirayeli kur’uyu w’Imana mu mugambi wa reta ya Trump wo kwongera kugarukana Isirayeli na Palestina ku meza y’ibiganiro vy’amahoro.

Intumwa Greenblatt yatangaje ko har’intambuko zikomeye zashitsweko mu biganiro yagiranye n’izo mpande zibiri ku bibazo vy’ubutunzi bizofasha kugarukana amahoro mur’ako karere.

Umukwe wa Trump, Jared Kushner nawe nyene yari mu ntara ya Ramallah mu mibonano n’umushikiranganji wa mbere wa Palestina, Rami Hamdallah, umushikiranganji wa Isirayeli ajejwe ubutunzi, Moshe Khaon, hamwe n’umutegetsi mukuru wo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Isirayeli Yoav Mordechai.

Ibiro vya perezida "White House" vyatangaje kur’uyu wa mbere ko Trump yizeye ko amahoro hagati y’Abanyaisirayeli n’Abanyepalestina atahandi azova atari mu biganiro kandi ko kwihagira ubutaka bw’aba n’abandi bidakwiye kuba.

Amakuru ava mu butegetsi avuga ko Greenblatt na Kushner bahagaze muri Arabiya Sawudite mu nzira bagana muri Isirayeli, ariko nta birenze ivyo batangaza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG