Abantu bashika 20 barishwe kuwa mungu no kur’uyu wa mbere mu bitero vyakozwe n’umuhari w’iterabwoba wa Boko haram mu bihugu vya Nijeriya na Kameruni, ibihugu bibiri bihana urubibe n’ikiyaga chad ahagwiriye ibikorwa vya gisirikare vy’uyo muhari.
Abantu 11 mur’abo bishwe baciwe amazosi mu buraruko bwa Kameruni mw’ijoro ryo kuw’Imana rishira uwa mbere, mu gitero cegekwa kuri Boko Haram, nkuko amakuru atangwa n’itorororkanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP abivuga.
Ku ruhande rwa Nijeriya, umwiyahuzi yiyoberanije nk’umuyoboke w’idini yinjiye mu musigiti mu buraruko bwa reta ya Maiduguri aturitsa bombe yahitanye batanu kur’uyu wa mbere.
Kur’uyu wa mbere kandi, abantu bane barimwo umugore n’abana babiri barishwe mu gihe imodoka yari ibatwaye iciriye ku gisasu hafi y’igisagara ca Banki co muri Nijeriya, gihana urubibe na Kameruni.
Facebook Forum