Uko wahagera

Kenya: Uruhagara mu Matora ya Perezida Agira Kabiri


Abatavuga rumwe na Leta ya Kenya bamaze gutwika iipira y'imodoka bahagurutse mu mujyi w'icyambu cya Mombasa.

Muri Kenya amatora y’umukuru w’igihugu agira kabiri yabaye uyu musi ku wa kane. Yaranzwe n’itana mu mitwe hagati y’abapolisi hamwe n’abantu bariko baragira imyiyerekano, mu gihe ibibanza vyo gutoreramwo biri mu bisagara bigwiriyemwo abatavuga rumwe na reta, bitigeze vyugururwa.

Abapolisi barashe imyuka ibababaza mu maso, bariko bashwiragiza abantu bariko baragira imyiyerekano mu gace kitwa Kibera, kari mu micungararo y’umurwa mukuru Nairobi. Bongeye barashinga ibirindiro imbere y’ibibanza vyo gutoreramwo.

Iyindi migumuko yabaye kandi mu gisagara ca Kisumu kiri mu burengero bw’igihugu. Aho ibibanza vyo gutoreramwo birenga 20 vyugawe, mu gihe abajejwe ivyo bibanza bari bamaze kunyaga amagara.

Umugabo umwe yishwe arashwe mu gisagara ca Kisumu, igihe abantu bariko baragira imyiyerekano batana mu mitwe n’abapolisi, nk’uko amakuru yatangajwe n’igipolisi abivuga.

Ayo matora agira kabiri, abaye hari haheze ikiringo kirenga amezi abiri, Perezida Uhuru Kenyatta atsinze amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora yahavuye ahakanwa na sentare nkuru y’igihugu, yavuze ko yari yabayemwo amahinyu menshi, yatowe n’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora..

Yamara n’iryo subirwamwo ry’ayo matora ryabaye mu kajagari kenshi. Umukuru w’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na reta, Raila Odinga, yaratangaje kw’akuye akarenge mur’ayo matora agira kabiri mu ndwi zibiri ziheze. Yasiguye kw’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora, utakosoye utunenge twari mu matora y’incuro ya mbere, maze aca atera akamo abanywanyi biwe, kabasaba kutitaba ayo matora.

Haheze indwi imwe, umwe mu bari bagize umurwi ujejwe gutunganya amatora, Roselyn Akombe, yaciye atanga imihoho aca aranahunga igihugu. Ico gihe yavuze kw’afashe iyo ngingo kuko yabonye umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora ugeramiwe n’indyane ziri hagati y’abanyapolitike bo ku mpande zose, baguma baturubika abagize uyo murwi.

Umusi umwe imbere y’uko amatora aba, Raila Odinga yaciye asohora itangazo rivuga kw’urunani rutavuga rumwe na reta arongoye, rugiye guhinduka umuhari ugiye kuyagwanya.

Sentare nkuru y’igihugu yari yategekanijwe kwumviriza urubanza rwari rwashinzwe n’abanyagihugu batatu, rwasaba guhagarika ayo matora agira kabiri. Yamara urwo rubanza rwahavuye rusibishwa, inyuma y’aho umutegetsi ajejwe ubutungane mu gihugu ca Kenya, David Maraga, atangarije kw’ata gitigiri gikwiye c’abacamanza, babonetse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG