Uko wahagera

Ambasaderi Haley Aragabisha Bikomeye Perezida Salva Kiir


Perezida wa Sudani y'Epfo, Salva Kiir Abonana na Ambasaderi w'Amerika muri ONU, Nikki Haley i Juba.
Perezida wa Sudani y'Epfo, Salva Kiir Abonana na Ambasaderi w'Amerika muri ONU, Nikki Haley i Juba.

Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika muri ONU, Nikki Haley kur’uyu wa gatatu yaragabishije bikomeye Perezida wa Sudani y’ubumanuko, amusaba guhagarika urwanko n’ubwicanyi biriko biba mur’ico gihugu atar’uko Amerika izoca isubira kwihweza ibijanye n’imfashanyo ifashisha ico gihugu.

Haley yabwiye abamenyeshamakuru ko Amerika yahaye Sudani y’ubumanuko hamwe na Perezida Salva Kiir ubwiwe imiriyaridi zirenga 11 z’amadolari y’Abanyamerika.

Haley yavuze kandi ko Amerika yatakaje icizere, ati inzira yonyene yotuma ico cizere kigaruka ar’uko Salva Kiir yitaho Abanyagihugu biwe ata n’umwe avuyemwo, yongera ko perezida Kiir agakwiye kuba perezida w’ubwoko bumwe canke umurwi umwe w’abantu.

Mwomenya igihe yariko abonana n’abanyagihugu basinzikajwe n’intambara bari mu nkambi y’I Juba, urugendo rwiwe ntirwagenze uko yagomba kuko amajana y’abanyagihugu biyamiriza intwaro ya Salva Kiir baciye bihereza amabarabara bituma ahitamwo kuruhagarika kubw’umutekano wiwe.

Hambavu yo kugendera Sudani y’Ubumanuko, Ambasaderi Haley yaragendeye Etiyopiya kandi kur’uyu wa gatatu nyene ku mugoroba niho yashika muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, akazova mur'ico gihugu kuwa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG