Uko wahagera

Amerika Isaba AbanyaKenya Gutekana


Ibiro vya Deparotema ya reta ya Reta zunze ubumwe z'Amerika.
Ibiro vya Deparotema ya reta ya Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Reta zunze ubumwe z’Amerika ihamagarira Abanyakenya bose kuguma batekanye, kwigiza kure ubwicanyi no kwubahiriza ibwirizwa nshingiro mu matora y’umukuru w’igihugu yo kur’uyu wa kane.

Mw’itangazo ryasohowe ba Departema ya Reta kur’uyu wa gatatu, Amerika ivuga ko itewe umutima uhagaze n’utwigoro turiko dukorwa n’impande zibiri zegwa n’ayo matora two kuburagiza Komisiyo y’amatora, ubutungane hamwe n’izindi nzego zihambaye mu gihugu ca Kenya.

Amerika iranegura igitero ku mushoferi atwara icegera c’umukuru wa sentare ntahinyuzwa cari kimutumbereyeko ku wa kabiri.

Amerika isaba ko hatunganwa ibiganiro vyihuta hagati y’impande zibiri ziharanira ubutegetsi hamwe na Komisiyo y’amatora kugira batorere inyinshu urwo ruhagarara.

Ati iki s’igihe co c’imyigaragamvyo icanishamwo Abanyakenya, ariko ni igihe c’uko Abanyakenya baja hamwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG