Uko wahagera

Perezida Trump Araterana Amagambo n'Abarepubulika


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yagaye, uno musi ku wa gatatu, abasenateri babiri b’abarepublika bamunebaguye bikomeye ku kugene yigenza mu biro vyiwe, Maison Blanche. Yatangaje kw’impamvu batazosubira kwitoza mu mabanga y’ubusenateri ar’uko ata mahirwe na make bafise yo gutorwa.

Perezida Trump muvyo yatangaje ku rubuga Twitter, yavuze ko Jeff Flake wo muri Reta ya Arizona na Bob Corker wo muri Reta ya Tennesse mur’iki gihe badafise amajwi y’abanyagihugu mu ma Reta bavamwo.

Perezida Trump yatangaje ko uretse abasenateri Flake na Corker, inama yagiranye n’abakenguzamateka b’abarepublika mu nyubakwa y’inama nshingamateka ejo ku musi wa kabiri yagenze neza.

Trump avuga kw’ivyatangajwe na senateri Flake vy’ukw’abandi basenateri berekanye amakenga mu mpisho ku bimwerekeye bitagira ishingiro.

Yatangaje kw’abashingamateka n’abakenguzamateka b’abarepulbika bariko bakora batiziganya ku vyerekeye kugabanya bikomeye amatagisi ku banyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG