Uko wahagera

Abanyanijeri Barakekwa Gufasha Kwica Abasirikare b'Amerika


Abasirikare b'Amerika bane biciwe muri Nijeri mu gitero c'iterabwoba
Abasirikare b'Amerika bane biciwe muri Nijeri mu gitero c'iterabwoba

Umutegetsi wo mu karere ko muri Nijeri yemeje ko abanyagihugu bo mur’iyo mihana bagize uruhara mu gutevya abasirikare b'Amerika kugira bahe umwanya ukwiye abariko baratega umutego.

Almou Hassane, arongoye igisagara ca Tongo Tongo abo basirikare bapfiriyemwo yemeye ko abo banyagihugu bamye bakorana n’abo yise abasuma, abicanyi n’abakora iterabwoba.

Nawe umukuru w’umutumba mur’ico gisagara Tongo-Tongo, aho abasirikare bategewe umutego, Mounkaila Alassane, yaciye atabwa mu mvuto kuva ico gitero kibaye, ubu ari mu minwe y’ubutegetsi bwa Nijeri.

Gushik’ubu nta muhari n’umwe uriyitirira ico gitero

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG