Uko wahagera

Perezida Kenyatta Aremeza ko Amatora Abwirizwa Kuba


Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta yiyamamariza amatora y'umukuru w'igihugu i Nairobi.
Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta yiyamamariza amatora y'umukuru w'igihugu i Nairobi.

Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta yatangaje ko amatora yo ku musi wa kane abwirizwa kuba umukandida w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi Raila Odinga ayitaba canke atayitaba.

Ivyo Perezida Kenyatta yabishikirije kur’uyu wa mbere igihe yariko ariyamamariza mu gace ka Kayole, mu micungararao y’umurwa mukuru Nairobi.

Amatora y’umukuru w’igihugu yo ku musi wa kabiri, azoba abaye ayagira kabiri ageregejwe mur’uyu mwaka. Sentare ntahinyuzwa ya Kenya yimye agaciro ivyavuye muyo kw’itariki ya 8 y’ukwezi kwa munani kuko yavuze ko yabayemwo utunenge kandi atubahirije amategeko.

Kenyatta yatangaje kandi ko reta yiwe yahaye komisiyo y’amatora uburyo bw’amafaranga bukeneye kugira irangure igikorwa cayo, ati “babwirizwa gushika ku gikorwa bashiriweho”.

Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika muri Kenya, Robert Godec kw’izina ry’ibihugu 20 vyo mu burengero bw’isi, harimwo n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya, mu rwandiko yasomye kur’uyu wa mbere, asaba impande zose zerwa n’ibibera muri Kenya kuja hamwe kugira batunganye amatora yizigiwe na bose.

Ariko Godec yavuze ko Amasentare muri Kenya ashobora kwunguruza ayo matora mu gihe bobona ko komisiyo y’amatora itaritunganya neza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG