Abakenyezi batatu b’abiyahuzi bariturikijeko bombe ku mugoroba wo kur’uyu w’Imana i Maiduguri, ku murwa mukuru wa reta ya Borno muri Nijeriya, abantu 13 barapfa, abandi 16 barakomereka.
Nta muhari uriyitirira ivyo gitero, ariko abategetsi ba Nijerira bakeka ko umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram ariwo wabikoze.
Boko Haram umazi kwica abantu barenga ibihumbi 20 mu ntambara imazemwo imyaka umunani na reta ya Nijeriya. Maiduguri, ni umurwa mukuru wa reta ya Borno, igisagara Boko Haram wavutsemwo.
Facebook Forum