Inzu zirenga 300 nizo zimaze kumenyekana ko zononywe n'imvura yaguye ku mw'ijoro ryo kur'uyu wa kane muri komine Nyanza lac, mu ntara ya Makamba.
Bamwe mur'abo inzu zabo zononekaye basaba abagiraneza kubagarukirako kuko badafise uburyo bwo gusanura.
Firemoni Bucumi arongoye zone Muyange; izone yabuze amazu arenga ijana avuga ko n'ubu abandanya kumenyeshwa ayandi mazu yagurutse kubera iyo mvura ngo yabaguyeko nk'ivyago.
Amakuru dukesha Jean Claude Nduzimana, musutanteri wa komine Nyanza-lac, nuko amazu arenga amajana atatu yagurutse, inyubakwa umunani z'amashure zirononekara hamwe n'amashengero abiri.
Zone Muyange (amazu arenga 100) na zone Kabonga (amazu 75) nizo zasinzikaye. Bamwe mu barongozi baho i Nyanza-lac barasaba aboshigikira abanyagihugu mu gihe bemeza ko iryo segenya ry'imvura ribashikiye mu gihe bari bamaze amezi atatu baruhutse ikiza ca korera.
Facebook Forum