Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Ntirota Iganira na Amerika


Umukenyezi Choe Son-hui akorera ubushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu bwa Koreya ya ruguru

Umutegetsi akomeye mu bushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu bwa Koreya ya ruguru yatangarije i Moscou mu Burusiya ko igihugu ciwe kititeguye kuganira na Reta zunze ubumwe z’Amerika kuri porogaramu yaco ya Nikleyeri.

Choe Son-hui avuga ko kubwiwe ngo Washington yar’ikwiye kwemera ko naco kigira ibirwanisho ruhonyanganda.

Choe avuga ko kuri we ar’ugupfa canke gukira. Yabivugiye mu nama yabereye kur’uyu wa kane I Moscou igamije kurwanya irwirirana ry’ibirwanisho ruhonyanganda.

Chon yashimikiye avuga ko Koreya ya ruguru ikeneye ibirwanisho vya Nikleyeri kugira yikingire igitero cose coza kiyigana. "Ati umuriro tuzowishura n’uwundi muriro”.

Mike Pompeo arongoye ikigo c’Amerika gishinzwe iperereza ryo hanze y’iguhugu, CIA yatangaje kur’uyu wa kane ko atewe ubwoba n’umuvuduko wa Koreya ya Ruguru kur’ivyo birwanisho kandi ko ico gihugu gishobora gutera ikirwanisho ca Nikleyeri mu buseruko bw’umugabane wa Aziya.

Avuga ko ico gihugu gishitse kure ku buryo ubu hasigaye kwiyumvira kubabuza gushika ku ntambwe ya nyuma.

Nawe Jenerali H.R. McMaster, umuhanuzi wa perezida mu bijanye n’umutekano mu gihugu yavuze nawe kur’uyu wa kane ko ubutegetsi bwa Washington bwariko bwiruka n’umwanya kugira burondere inyishu kur’ico kibazo, imbere yo gukoresha inguvu za gisirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG