Uko wahagera

Abatalibani Bishe Abasirikare ba Afuganisitani Barenga 40


Umushikiranganji wa Afuganisitani ajejwe kwivuna umwansi atanganza ko abasirikare bashika kuri 43 bishwe mugitero cagizwe n’abagwanyi b'Abatalibani kuri uno musi wa kane. Ico gitero cagizwe kw’ikambi ya gisirikare iri mubumanuko bw’igihugu.

Abasirikare icenda bakomerekeye muri ico gitero cagizwe mugitondo c’uno musi I Kandahar. Abandi basirikare batandatu ntibazwi amaherezo yabo. Ubwo bushikiranganji bumenyesha kandi ko abagwanyi b'Abatalibani cumi nabo baguye muri ico gitero. Mw’itangazo ryo kwiyitira ico gitero, abatalibani bavuga ko hapfuye abasirikare 60.

Ico gitero cantangujwe n’ituritswa rya bombe yo mumuduga ikurikizwa n’iyinjira muri iyo kambi n’umugwi w’abagwanyi bitwaje inkoho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG