Uko wahagera

Kenya: Odinga Ahamagarira Imyigaragamvyo ku Musi w'Amatora


Raila Odinga, umukuru w'abatavugarumwe n'ubutegetsi mu myiyerekano i Nairobi, Kenya,
Raila Odinga, umukuru w'abatavugarumwe n'ubutegetsi mu myiyerekano i Nairobi, Kenya,

Umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Kenya, Raila Odinga, yasavye kur’uyu wa gatatu abayoboke biwe kuzogira imyiyerekano kw’igenekerezo rya 26 z’uku kwezi kwa cumi, ku musi w’amatora y’umukuru w’igihugu

Avuga ko imyiyerekano igiye kubandanya kandi ko kur’iyo tariki yo izoba ikomeye cane mu gihugu cose. Ivyo yabitanganje kur’uyu wa gatatu imbere y’abanywanyi biwe baharurwa mu bihumbi bari mw’ikoraniro yatunganije ku murwa mukuru Nairobi.

Odinga yemeye kandi ko kw’igenekerezo rya 26 ata matora azoba, ariko ntiyavuze uko azobigenza kugira azoyabuze.

Ayo matora Odinga yavuze ko atazokwitaba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG