Umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Kenya, Raila Odinga, yasavye kur’uyu wa gatatu abayoboke biwe kuzogira imyiyerekano kw’igenekerezo rya 26 z’uku kwezi kwa cumi, ku musi w’amatora y’umukuru w’igihugu
Avuga ko imyiyerekano igiye kubandanya kandi ko kur’iyo tariki yo izoba ikomeye cane mu gihugu cose. Ivyo yabitanganje kur’uyu wa gatatu imbere y’abanywanyi biwe baharurwa mu bihumbi bari mw’ikoraniro yatunganije ku murwa mukuru Nairobi.
Odinga yemeye kandi ko kw’igenekerezo rya 26 ata matora azoba, ariko ntiyavuze uko azobigenza kugira azoyabuze.
Ayo matora Odinga yavuze ko atazokwitaba.
Facebook Forum