Uko wahagera

Guterres Asaba Abandi Basirikare 900 Muri Centrafrika


Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yasavye ko abasirikare ba ONU muri Centrafrika bongerezwa abandi 900 kubw’ubwicanyi bwongeye kwiyongera, Ivyo biri muri raporo yashikirije kur’uyu wa kabiri abagize akanama ka ONu kajejwe umutekano kw’isi.

Guterres abishikirije mu gihe agiye mu misi iri imbere kugendera ico gihugu, urugendo ruzoba rubaye urwa mbere azoba agendeye inteko za ONU ziri mu bikorwa vyo kubungabunga amahoro kuva ashikiriye ayo mabanga mu kwezi kwa mbere.

Kubwiye ngo abo basirikare asaba kwongereza ntibazobasha gukingira abasivile bose mu gihugu. Ariko ngo bazoshobora kunyaruka gutabara mu gihe abanyagihugu bazoba batewe n’imihari yitwaje ibirwanisho.

Mwomenya ko mu gihe abo basirikare bokwemezwa bazoba bagiye kwiyongera ku bandi barenga gato ibihumbi 10 basanzweyo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG