Uko wahagera

Amatora Muri Repubulika Iharanira Demokarasi Ya Congo


Umurwi wo mu gihugu ca Republika Iharanira Demokrasi ya Congo ujejwe gutunganya amatora watangaje kw’amatora y’umukuru w’igihugu yasibijwe akatari gake, atazoshobora gutunganywa imbere yo mu mwaka w’2019. Uyo murwi, ejo ku musi wa gatatu, waratangaje kw’ukiriko urarangura igikorwa co kwandika abazotora mu ntara ya Kasai, yabayemwo umudurumbanyo, kandi kw’uzokenera iyindi misi 504 yo gutunganya amatora, inyuma y’aho igikorwa co kwandika abazotora, kizoba kimaze kurangira. Mur’iki gihe hari amakenga kw’iyo nkuru yatangajwe ejo ku musi wa gatatu ishobora gutuma uruhagarara hagati ya Prezida Joseph Kabila yagumye ku butegetsi inyuma y’uko uburenganzira yahabwa n’ibwirizwa shingiro, burangiriye mu kwezi kwa cumi na kabiri, hamwe n’imigambwe itavuga rumwe na reta ya Congo, rwiyongera.

Ingingo ya Prezida Kabila yo kwanka kuva ku butegetsi yaratumye habaimyiyerekano yabayemwo ubwicanyi ku murwa mukuru, Kinshasa..

Kabila ari ku butegetsi kuva mu mwaka 2001, igihe yasubirira se wiwe, Laurent Kabila, yagandaguwe.

Igihe yari I New York mu bikorwa vy’inama mpuzamakungu mu kwezi guheze, Prezida Joseph Kabila yarasubiye gutangaza kw’azokoresha amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG