Imihari itari mike yitwaje ibirwanisho muri Centrafrika kur’uyu wa kabiri yarasinye amasezerano yo guhagarika intambara no kworohereza uruja n’uruza hagati y’ama prefectura abiri yo mu gice co hagati gishira ubuseruko.
“Kubw’intambara, abanyagihugu barahunze ako karere, bashirwa mu makambi aho bari mu bukene. Aya masezerano abwira abo banyagihugu kugaruka mu ngo zabo”, ivyo vyashikirijwe n’umwe mu basinye ayo masezerano, wo mu muhari UPC, uvuga ko urwanira inyungu z’aborozi bo mu bwoko bw’aba peuls.
Mwibuke ko kuva mu mwaka w’2013, Centrafrika cinjiye mu ndyane hagati y’amoko, inyuma y’aho Francois Bozizé akuriwe ku butegetsi n’imihari Seleka yavuga ko irwanira inyungu z’Abayisilamu, ivyo vyatumye iyindi mihari irwiriyemwo abakristu nayo nyene ica ifata ibirwanisho batangura gutana mu mitwe.
Facebook Forum