Uko wahagera

Tanzaniya: Abantu 12 Barapfuye Mw'isanganya ry'Imodoka


Perezida wa Tanzaniya John Pombe Magufuli.
Perezida wa Tanzaniya John Pombe Magufuli.

Muri Tanzaniya Imodoka yunguruza abantu yo mu bwoko bwa minibus yaraguye mu kiyaga Victoria, ihitana abantu 12, batatu gusa bararokoka. Ivyo vyashikirijwe mw’itangazo ryasomwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu.

Perezida wa Tanzaniya, John Magufuli yababajwe n’abo bantu bapfiriye mur’ico kiyaga co mu ntara ya Mwanza.

Iyo modoka yataye ibarabara igeze ku kiraro c’ahitwa Kigonga, muri distrikte ya Misungwi.

Ibimenyeshamakuru vyo mur’ako karere bivuga ko abo batatu bashoboye kurokoka barobwe n’abar’aho igihe iryo sanganya ryaba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG