Uko wahagera

Umukuru w’Inama Nshingamateka ya Etiyopiya Yatanze Imihoho


Umukuru w'Inama nshingamateka ya Etiyopiya Abadula Gemeda ( Iburyo), ahaye ijambo Umushikiranganji wo kwivuna abansi, Siraj Fegessa (ibubamfu)
Umukuru w'Inama nshingamateka ya Etiyopiya Abadula Gemeda ( Iburyo), ahaye ijambo Umushikiranganji wo kwivuna abansi, Siraj Fegessa (ibubamfu)

Umukuru w’inama nshingamateka muri Etiyopiya, Abadula Gemeda kur’uyu w’Imana yaratangaje ko atanze imihoho, ku mpamvu atashikirije.

Abadula Gemeda yari mur’ico kibanza kuva mu mwaka w’ 2010, imbere y’aho yari umushikiranganji wo kwivuna abansi kandi akaba n’umukuru w’intara ya Oromo ibamwo abantu benshi mur’ico gihugu.

Yatangaje ko agiye kubandanya ar'umushingamateka aserukira ishirahamwe riharanira demokarasi y’abanyagihugu mu ntara ya Oroma kandi azoshikiriza igitumye atanze imihoho inama nshingamateka niyavyemeza.

Inama nshingamateka ya Etiyopiya itegekanya gukorana kur’uyu wa mbere aho ishobora kwemeza iryo tanga imihoho kwiwe iteko itore uwumusubirira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG