Uko wahagera

Guterres Aragendera Centrafrika Muri Uku Kwezi


Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, ategekanya kugendera Centrafrika imbere yuko uku kwezi kwa cumi 2017 kurangira.

Urwo rugendo rugamije gutsimbataza imigenderanire hagati ya ONU n’ibihugu bisinzikajwe n’intambara.

Ivyo vyamenyeshejwe kur'uyu wa kane n’umuvugizi w’inteko za ONU muri Centrafrika, Minusca, Vladimir Monteiro, ariko gushik’ubu nta musi uramenyeshwa.

Buzoba bubaye ubwa mbere uwo mutegetsi wa ONU agendeye inteko zibungabunga amahoro n'umutekano kuva atanguye amabanga mu ntango y’umwaka w’2017.

Umuhanuzi adasanzwe wiwe mu gukinga ihonyabwoko, Adama Dieng, yitezwe muri Centrafrika kuva kur’uyu wa gatanu, gutegura urwo rugendo rwa Guterres nkuko Monteiro avugira Minusca abandanya avuga.

Inyuma yo gushika i Bangui, ategekanya kugendera igisagara ca Bria mu buseruko, ahabereye ubwicanyi mu mezi ya gatandatu na ndwi, kubonana n’abakuru b’imihari yitwaje ibirwanisho hamwe n’abasinzikajwe n’intambara.

Guterres yitavye akamo ka Perezida Touadéra wa Centrafrika aheruka gusaba amakungu kutibagira igihugu ciwe, igihe aheruka mu nama rusangi ya ONU mu kwezi guheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG