Uko wahagera

Amerika mu Nzira yo Kugondoza Kabila


Perezida Joseph Kabila wa republika Iharanira demokarasi ya Congo ashika ahabereye inama y'abakuru b'ibihugu vya Afrika yo hagati, muri Angola, ku kibazo ca Congo.
Perezida Joseph Kabila wa republika Iharanira demokarasi ya Congo ashika ahabereye inama y'abakuru b'ibihugu vya Afrika yo hagati, muri Angola, ku kibazo ca Congo.

Abasenateri 7 bo muri sena ya Reta zunze ubumwe z’Amerika basaba Perezida Donald Trump gufatira ibindi bihano Republika iharanira demokarasi ya Congo mu gihe reta y'ico gihugu yobandanya itevya gutunganya amatora.

Ivyo biri mu rwandiko bashikirije Perezida w’Amerika bamwereka amakenga bafise ku biriko birabera muri Congo.

Mur’urwo rwandiko bavuga bati" Mu gihe reta ya Congo yobandanya yanka kwubahiriza amasezerano yumvikanyweko n’abanyeporitike, Amerika itegerezwa gukoresha ububasha bwose ifise kugira abafise ububasha kuri Kabila bamusunike ahindura ingendo".

Abo ba senateri bateye umukono kur’urwo rwandiko ni: Cory A. Booekr, Benjamin I. Cardin, Richard J. Durbi, Christopher A. Coons, Elizabeth Warren, Edward J. Markey na Sherrod Brown, basaba kandi Trump kugena ambasaderi aserukira Amerika muri RDC.

Bamusaba kandi kugena icegera ca sekreteri wa reta ajejwe Akarere ka Africa hamwe n’umukuru ahagarariye USAID ku mugabane wa Afrika kandi bavuga ko biteguye kubemeza bagaca batangura ayo mabanga badatevye.

Abo ba senateri bavuga ko kubona abo bategetsi batari mur’ayo mabanga bibangamiye poritike y’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG