Umwiyahuzi yiturikirijeko ikibombe ari mu bantu benshi ku musigiti uri mu bumanuko bushira uburengero bw’intara ya Baluchistan, maze yica abantu bashika 20, yongera akomeretsa abandi barenga 30.
Benshi mu baguye mur’ico gitero, bari mu murwi w’Abashiite bari ku rushi, bariko batamba ivyino z’imico kama, nk’uko bitangazwa n’abantu bavyiboneye.
Abaganga bo muri District ya kure yitwa Jhal Magsi yabereyemwo ubwo bwicanyi, bavuga ko bamaze kwakira abantu benshi bakomerekejwe n’ico kibombe.
Umuvugizi w’iyo ntara, Anwar – ul Haq Kakar, yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika kw’uyo mwiyahuzi yashaka kwinjira mur’uyo musigiti, ariko aca ateshwa n’abapolisi, ngo arinaco gituma yaciye yiturikirizako ico kibombe.
Ico kibombe caturikirijwe ku birometero 400 vy’umurwa mukuru Quetta w’iyo ntara ya Baluchistan.
Gushika uhu, abantu bateguye ico gitero, ntibaramenyekana.
Facebook Forum