Uko wahagera

Abasirikare 3 b'Amerika Bishwe n'Igitero muri Nijeri


Abasirikare b'Amerika bariko batanga imyimenyerezo ya gisirikare ku basirikare bo muri Chad na Nijeri
Abasirikare b'Amerika bariko batanga imyimenyerezo ya gisirikare ku basirikare bo muri Chad na Nijeri

Abasirikare 3 bo mu nteko zidasanzwe za Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’abasirikare 5 ba Nijeri bishwe abandi babiri barakomereka, inyuma y’aho beterewe bari mu bikorwa vyo gukizura akarere mu bumanuko bushira uburengero bwa Nijeri.

Umukuru arongoye inteko z’Amerika ziri ku mugabane wa Afrika atangaza ko ivyo vyabereye ku rubibe Nijeri gihana na Mali, mu gace kagenzurwa na Al Qaida nko ku birometero 190 uvuye ku murwa mukuru Niamey.

Uwo mutegetsi avuga kandi ko izo nteko ziri muri Nijeri guha imyimenyerezo ya gisirikare abasirikare b’ico gihugu bariko barwanya iterabwoba mur’ako karere harimwo no kurwanya abajabuka urubibe bava muri Mali.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG