Uko wahagera

Reta ya Kiyisilamu Yiyitiriye Igitero muri Somaliya


Somaliya
Somaliya

Abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu biyitiriye igitero cagizwe mu gisagara ca Bosaso muri Somaliya.

Umukuru w’igipolisi mu ntara ya Bari, Colonel Abdihakaim Yusuf Hussein, yabwiye Ijiwi rya Amerika Servisi y’Igisomali kw’umuntu umwe yishwe, abandi babiri harimwo umupolisi barakomereka mur’ico gitero.

Ababonye ivyabaye bavuga ko umwe mu bagize ico gitero yinjiye mu kibanza abantu banyweramwo ikawa ku musi wa kabiri arasa umupolisi, amukomeretsa ku gitugu no mu mugongo.

Uwo mupolisi, azwi kw’izina rya Abdirahman Barre Salah, ariko aravurwa. Vyitezweko arusimba. Umwe mu babonye ivyabaye yabwiye Ijwi rya Amerika, kw’imeza yaguye kur’uwo mupolisi inyuma yuko arashwe.

Mu gihe uwagize igitero mu kibanza abantu banyweramwo ikawa yariko agerageza guhunga ico kibanza, uwundi agira kabiri yararashe abari mur’ico kibanza, yica umurwizatunga umwe akomeretsa uwundi musivile.

Umukuru w’igipolisi mu ntara ya Bari avuga kw’abagize ico gitero bahunze. Yamara igipolisi kiriko kirabahiga. Abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu bakorera muri Somaliya batangaje kw’abarwanyi babo aribo bagize ico gitero.

N’igitero kigira gatatu kibereye mu gisagara ca Bosaso Reta ya Kiyislamu yiyitiriye mur’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG