Uko wahagera

Puerto Rico: Trump agiye kwirabira ivyononye n’igihuhusi Maria


Prezida wa Amerika yiteguriye kugendera izinga rya Puerto Rico kuri uno musi wa kabiri aho riheruka kugira ivyago vy’igihuhusi. Trump avuga ko ashima ibikogwa vyo gutabara imbabare ku bibazo vyatewe n’ico igihuhusi caciye no muri reta ya Texas na Floride. Arashimira abari mubikogwa vyo tutabara imbabare zimaze indwi zibiri mubibazo vyatewe n’igihuhusi cataziriwe Mariya mukarere ka Carayibe.

Aho yari ku kirimba yitegurira gufata urugendo aja mu gisagara ca San Juan muri Puerto Rico, prezida Trump yabwiye abamenyeshamakuru ati “muri Texas na Florida amanota kubikogwa vyo gutabara imbabare ni meza cane. Ati, nibaza ko no muri Puerto Rico hakozwe ibikogwa vyiza cane naho igihuhusi catikije inganda kurusha ahandi.

Muri urwo rugendo, prezida Trump yiteguriye kubonana n’abategetsi hamwe n’abanyapolitike bo muri Puerto Rico. Muri bo harimwo na buramatari w’umudemokrate atwara igisagara ca San Juan, Carmen Yulin Cruz. Uwo nawe akaba ari mu misi ya vuba yavuganye ishavu ryinshi yishura ku vyavuzwe n’umutegetsi muri reta ya Trump yuko, kuvyerekeye ibikogwa vyo gutabara imbabare biriko birakogwa muri Puerto Rico ari inkuru nziza yo gutangaza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG