Uko wahagera

ONU Ntishigikiye Igabanywa rya Monusco muri RDC


Umunyamabanga mukuru w'Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres
Umunyamabanga mukuru w'Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, amenyesha ko adashigikiye abipfuza kugabanya abasirikare ba ONU bari muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Inama ya ONU ijejwe umutekano ibitegetswe na Reta zunze ubumwe z’Amerika igamije kugabanya abasirikare 2000 mur’izo nteko za MONUSCO ziza ubwa mbere mu nteko za ONU kw'isi, aho ziharurwa mu basirikare bashika ibihumbi 18.

Abasirikare ba Monusco muri Congo bakezura mu mabarabara ya Kinshasa
Abasirikare ba Monusco muri Congo bakezura mu mabarabara ya Kinshasa

Guterres abona ko mu gihe ivyo vyoba vyotumya ico gihugu kirushiriza gusinzikara mu bijanye n’umutekano muke na nya burya gishobora kwinjira mu bihe vy’amatora.

Ibihugu 15 bigize akanama ka ONU kajejwe umutekano bitegekanijwe ko bizohura mu ndwi iza mu nama izoba ihariwe Kongo kur’ico kibazo.

Guterres avuga ko amatora abaye, kazoba ari akaryo keza ko kugabanya abo basirikare bamazeyo imyaka 17 mbere bibaye ngombwa bakavanwayo bose.

Mu nama rusangi ya ONU yo mu kwezi kw’icenda guheze, perezida Joseph kabila wa Congo yavuze ko amatora ategerezwa kuzoba kandi ko ata cotuma abasirikare ba Monusco baguma mu gihugu ciwe.

Ariko naho yavuze uko nta kirangamisi cayo yatanze.

Joseph Kabila, perezida wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, ashikirza ijambo mu nama ya bose ya ONU
Joseph Kabila, perezida wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, ashikirza ijambo mu nama ya bose ya ONU

Ikiringo kigira kabiri ca Kabila caheze kw’itariki 20 y’ukwezi kwa cumi na kabiri 2016, ibwirizwa nshingiro ntirimwemerera gusubira kwitoza.

Mwomenya ko Kongo gihana imbibe n’ibihugu icenda, gisife abantu baharurwa mu miriyoni 70, muri bo imiriyoni 3.8 barateshejwe izabo bahungira mu gihugu hagati.

Ubutaka bw’ico gihugu bwakiriye impunzi ziharurwa mu bihumbi 500 zigizwe n’Abanyarwanda, Abarundi, Abanyasudani y’epfo n’abo muri Centrafrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG