Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yagiriza reta ya Tanzaniya gukoresha amategeko y’agacinyizo ku kuzivya ibimenyeshamakuru, amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike hamwe n’abanyeporitike batavuga rumwe na reta mu gihe baba bariko banegura ubutegetsi.
Gushik’ubu, ibimenyashamakuru icenda vyarahagaritswe gukora.
Ayo mashirahamwe asaba reta ya Tanzaniya gukoresha ubutungane yisunze amategeko mpuzamakungu.
Kubw’ayo mashirahamwe, guhagarika ivyo bimenyeshamakuru n’ukwima abanyagihugu uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro vyabo, kwagiye kwunyuka kuva Perezida John Pombe Magufuli ashitse ku butegetsi mu mwaka w’2015.
Facebook Forum