Uko wahagera

Uburusiya Bwasezeranije Gusambura Ibigwanisho vy'Ubumara


Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin yatangaje kw'igihugu ke gisambura, uno musi ku wa gatatu, ibirwanisho vyaco vyose vyicisha imyuka y’ubumara. Perezida Putin avuga kw’ar’ikintu c’imboneka rimwe.

Atangazakw’ibirwanisho vya nyuma vyicisha imyuka y’ubumara vyari mu bubiko mu Burusiya bisamburwa, uno musi ku wa gatatu. Ivyo Perezida Putin yabishikirije kuri taleviziyo. Yamenyesheje kw’ar’intambwe ikomeye cane mu ntumbero y’ugutuma isi ibamwo umutekano kurushiriza.

Mu kuvuga kw’Uburusiya bwashoboye gusambura ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara imyaka itatu imbere y’igihe cari gitegekanijwe, Perezida Putin yaranebaguye abategetsi ba Reta ya Amerika kuba batakwirikiye mur’iyo nzira.

Yatangaje ko Amerika yigijeyo incuro zitatu ivyo yiyemeje vy’ugusambura ibirwanisho vyayo vyose vyicisha imyuka y’ubumara, mu kuvuga kw’ata buryo bukwiye bujanye n’amafranga ifise bw’ugusambura ivyo birwanisho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG