Igihugu ca Malawi kiriko kirogorora inyuma y’imyaka itari mike y’uruzuba, imyuzurane, ivyimburwa bidashemeye n’ibibazo vy’amafranga reta ikoresha.
Perezida Peter Mutharika yatangarije Ijwi rya Amerika ko mur’uyu mwaka ubutunzi bwa Malawi bushobora kwiyongera ibice bitanu kw’ijana umuntu abigereranije na bibiri n’ibice indwi kw’ijana mu mwaka uheze.
Malawi kibandanya kuba kimwe mu bihugu bikenye cane kurusha ibindi bihugu vyo kw’isi. Ivyo bitangazwa n’ikigega mpuzamakungu, FMI.
Ica kabiri c’abanyamalawi babayeho mu bukene, mu gihe ica kane cabo babayeho mu bukene ntangere.
Imyuzurane ikomeye yo mu ntango z’umwaka w’i 2015 yakwirikiwe n’imyaka ibiri y’uruzuba vyatumye igice c’abanyamalawi badafise ibifungurwa bikwiye.
Mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika mu ndwi iheze mu rugendo rwiwe i New York, Perezida Mutharika yatangaje kw’ariko ageregeza guhindura uko ibintu bimeze mu gihugu, mu gushimikira ku kwubaka amashule afasha abanyagihugu gushiraho uburyo bw’ukwiteza imbere n’ugutuma imitahe iza mu gihugu.
Facebook Forum