Uko wahagera

Amerika Izakomeza Urugamba muri Afuganisitani


Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Jim Mattis, yatangaje ko igihugu ke kitazohagarika urugamba rwayo muri Afuganistani. Mattis ari mu rugendo ku murwa mukuru i Kabul.

Amenyesha ko bazofasha inteko za reta y’ico gihugu gustinda abagira iterabwoba. Avuga sko batazoheba abanyigihugu bo muri Afuganistani mu gihe bageramiwe n’umwansi ashaka kubica mu ntumbero y’ugushika ku butegetsi.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN, Jens Stoltenberg nawe nyene ari ku murwa mukuru, Kabul, yashimikiye ku kwiyemeza kw’iryo shirahamwe mu rugamba rw’ukurwanya abagira iterabwoba. Yatangaje kw’ishirahamwe OTAN ridaheba urugamba mu gihe ruba rukamvye.

Umugambi wa perezida wa Amerika, Donald Trump ku vyerekeye Afuganistani yatangaje, mu kwezi guheze, ko utegekanya guha uruhara runini kurushiriza ibihugu vyo mu karere harimwo Ubuhindi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG