Uko wahagera

USA Yanyomoje Ibivugwa Ko Yatangije Intambara Na Koreya


Sarah Huckabee Sanders, ajejwe gutangaza amakuru mu biro kwa perezida wa Amerika
Sarah Huckabee Sanders, ajejwe gutangaza amakuru mu biro kwa perezida wa Amerika

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatangaje ko zitari mu ngwano n’igihugu ca Koreya ya ruguru.

Umutegetsi mukuru ajejwe gutangaza amakuru mu biro kwa perezida wa Amerika, Sarah Huckabee Sanders yabwiye abamenyeshamakuru ku musi wa mbere ko kuvuga ko Amerika yatangaje ingwano kuri Koreya ya ruguru bitagira aho bifatiye.

Amasaha y’imbere yaho, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ri Yang Ho yatangaje ko Amerika yatangaje ingwano ku gihugu ciwe

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Ri Yong Ho yatangaje ko kuba Perezida Trump yatangaje ku rubuga twitter ko Koreya ya ruguru izozimangana vuba niyabandanya kugeramira Amerika n’ibihugu bicuditse, ar’ibigaragara ko yatangaje ingwano ku gihugu ciwe.

Yatangaje kw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’amakungu yose vyotegerezwa kwibuka neza kw’ari Amerika yatangaje ubwa mbere ingwano ku gihugu ciwe.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Koreya ya ruguru, Ri Yong Ho avuga ko Koreya ya ruguru ishobora kurasa indege z’ingwano za Amerika naho zitazoba ziri hejuru y’ikirere cayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG