Uko wahagera

Iraki Canyonze Imbohe 42


Iraq Jail
Iraq Jail

Abantu 42 bari baciriwe urubanza rwo gupfa muri Iraki bagirizwa ubwicanyi butandukanye, ugufata abakenyezi ku nguvu hamwe no guturitsa ibisasu kur’uyu wa mbere niho bicwa bamanitswe. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’ubutungane wa Iraki.

Ivyo vyabereye mw’ibohero ryo mu gisagara ca Nassiriya, kiri mu bumanuko bwa Iraki kandi n’imiryango yabo niho yari.

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka kazina muntu, Amnesty International mw’itangazo ryashikirije rivuga ko bibabaje cane kubona hari ama reta agikoresha bene ivyo bihano kugira yerekane ko yitayeho umutekano.

Kubwa, Amnesty, Iraki nico gihugu kiza imbere y’ibindi bihugu mu kwica imbohe mur’ubwo buryo, mu nyuma hagakurikira Ubushinwa na Arabiya Sawudite.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG