Uko wahagera

Guterres Asaba Umuco Ku Barundi Biciwe i Kamanyola


Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres

Mw’itangazo ryasohowe n’umuvugizi wa ONU kur’uyu wa mbere, Gutterres yarahojeje Uburundi buheruka kubura impunzi ziciwe muri Republika iharanira demokarasi ya kongo, akizera ko abategetsi b’ivyo bihugu bibiri bagiye gutanga umuco ku vyabaye.

Guterres na Nyamitwe baraganiriye no ku biganiro bihuza y’Abarundi. Umunyamabanga mukuru wa ONU asaba reta y’Uburundi gufata aka karyo igatunganya ibiganiro bihurikiwemwo bose.

Yemeza ko ONU itazohengeshanya gufata mu mugongo ivyo biganiro ibicishije ku ntumwa yayo idasanzwe, no mu gushigikira umuhuza yagenwe n’akarere ko muri Afrika y’ubuseruko mu gufasha kwumvikanisha Abarundi.

Guterres arangiza asaba reta kwitaho ibibazo vy’agateka ka zina muntu mu Burundi no gukingira abanyagihugu bayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG