Uko wahagera

Ubushyamirane Hagati ya Trump n'Abakinnyi ba Football


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yatangaje kw’ingingo y’abakinyi b’urukino bita, “football” y’abanyamerika y’ukwanka guhagarara mu gihe ururirimbo rushimagiza igihugu rwariko rurakinwa ataho bihuriye n’ibara ry’urukoba.

Ivyo naho benshi mu bakinyi ubwabo batangaje kw’ingingo bafashe yari yerekeye kwiyamiriza ivangura rifatiye kw’ibara ry’urukoba n’ubunyamaswa bw’abapolisi.

Abakinyi, abamenyereza n’abanyen’imirwi amajana n’amajana, bariyamirije ivyatangajwe na Perezida Trump ku musi w’Imana mu kwicara, gupfukama n’ugufatana amaboko igihe ururirimbo ruhayagiza igihugu rwariko rurakinwa imbere yuko inkino 14 za “football” y’abanyamerika zitangura.

Mu misi ya vuba, Perezida Trump yasavye ba nyen’imirwi ya, “football” y’abanyamerika kwirukana abakinyi, benshi muribo abirabure, kubera banse guhagarara mu gihe ururirimbo ruhayagiza igihugu, ikintu cama kiba imbere yuko inkino zikomeye zitandukanye ziba muri Amerika.

Abagiriza kw’atacubahiro baha ibendera ry’igihugu.

Perezida yasavye abarorerezi kwihoza inkino zirabwa n’abantu benshi za, “football” y’abanyamerika. Inkino zama ziba ku misi y’Imana mu gihe c’imbere y’ubukanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG