Uko wahagera

Iyindi Nyamugigima Yumvikanye muri Mexique, 319 Barapfuye


Abajejwe kurokora abantu baracarondera abagihema mu bibomoke vy'amazu muri Mexico City, Sept. 24, 2017.
Abajejwe kurokora abantu baracarondera abagihema mu bibomoke vy'amazu muri Mexico City, Sept. 24, 2017.

Mu gihe ibikorwa vyo kurondera abarokotse nyamugigima yo kw’itariki 7 z’ukwezi kw’icenda muri Mexique bikibandanya, iyindi nyamugigima igira gatatu yarumvikanye mur’ico gihugu ku musi wa gatandatu.

Abahinga muvy’imitigito y’isi bo muri Amerika bamenyesha ko yapima manyitide 6.1 kandi ko yumvikanye mu ntara ya Oaxaca iri mu bumanuko bw’igihugu, ku birometero 360 uvuye ku murwa mkuru Mexico City.

Gushika ku muhingamo wo kur’uyu w’Imana, ibitigiri vy’abapfuye vyari bimaze kugera kuri 319, harimwo n’181 bo muri Mexico City.

Abanya mexiquee bajejwe ibikorwa vyo gutabara mu biza nk’ivyo bafatanije n’abaje bava muri Israeli, Ubuyapani na Reta zunze ubumwe z’Amerika, bamaze kurokora abashika 60 mu gisagara ca Mexico City no mu micungararo yaho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG