Uko wahagera

Jenerali mu Ngabo Yarishwe Muri Somaliya


Umusirikare w’ipete rya jenerali mu gisirikare ca Somaliya hamwe n’uwari umucungereye umutekano barishwe barashwe ku mugoroba wo kur’uyu w’Imana, nkuko amakuru ava mu bajejwe umutekano mur’ico gihugu abivuga.

Ababibonye bavuga ko abantu bitwaje inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet barashe Jenerari Abdullahi Mohamed Sheikh Qururuh yari ku maguru ataha mu rugo rwiwe avuye mu musigiti I Mogadishu hamwe n’uwo yar’amucungereye ubuzima.

Bose uko ari babiri nta mahirwe bagize, baciye bapfira aho nyene.

Qururuh yari intwazangabo ikomeye kandi yagenzura ibirindiro bitari bike I Mogadishu. Yarigeze no kuba icegera c’uwushinzwe ibikoresho vya gisirikare muri Somaliya.

Nta muhari uriyitirira ubu bwicanyi gushik’ubu. Abarwanyi ba al-Shabab nibo bakunda kugaba ibitero nk’ibi ku bategetsi ba Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG