Uko wahagera

Ikinyamugigima Kimaze Guhitana 286 muri Mexique


Abategetsi b’igihugu ca Mexique bavuga kw’igitigiri c’abantu bahitanywe n’ikinyamugigima gikomeye cabaye ku musi wa kabiri kigeze ku 286.

Yamara vyitezwe kw’ico gitigiti kiduga mu gihe abantu batari bake irengero ryabo ritaramenyekana.

Abajejwe gutabara mu gice co hagati muri Mexique, bariko bakora batiziganya mu bisigarira vy’inyubakwa zasambutse kuva ku musi wa kabiri aho bariko barondeera aboba bararokotse.

Perezida wa Mexique, Enrique Pena Nieto yatangaje imisi itatu y’ikigandaro mu gihugu cose. Yahayagije ukugene Abanyagihugu ba Mexique bishuye mu buryo bwihuta ku kinyagumigima cihaye inkumbi. Amenyesha kw’abanyagihugu berekanye ugufatana mu nda gukomeye.

Ibiro vya Reta zunze ubumwe za Amerika bijejwe iterambere mu makungu, USAID, vyararungitse umurwi w’abakozi bajejwe gutabara 60 n’ibikoresho hamwe n’imiti mu gisagara ca Mexico City.

Ico kinyamugigima gikomeye co muri Mexique cakwirikiye ikindi cahitanye abantu barenga 90 mu bumanuko bw’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG