Uko wahagera

Uganda: Imyiyerekano yo Kwiyamiriza Ihindugwa ry’Ibwirizwa Shingiro


Igipolisi c’Ubuganda cateye ivyuka bibaba mumaso abantu bari bari mumyiyerekano yo kwiyamiriza umugambi uhari wo guhindura ibwirizwa shingiro.

Uwo mugambi ushizwe mu ngiro, iyo ngingo yoha uburenganzira umukuru w’igihugu asanzwe ari kubutegetsi, gushobora gutwara igihugu ubuzima bwiwe bwose.

Iyo ngingo bitegekanijwe ko ishikirizwa mu nama nshingamateka kuri uyu wa kane naho hari abatari bake batanguye guhaguruka barayiyamiriza. Mu bagwanya iyo ngingo harimwo abayobozi b’amadini, amashirahamwe yigenga, n’amashirahamwe y’abatavuga rumwe na reta.

Igipolisi c’Ubuganda cari caraye kigabishije yuko atamyiyerekano ishigikira canke igwanya umukuru w’igihugu yemerewe. Yamara abatavuga rumwe na reta bararahiye ko bazokwiyamiriza ingingo iyariyo yose izoza ishigikira iguma kubutegetsi rya Prezida Yoweri Musevetsi ubuzima bwiwe bwose. Aho ni mugihe umukuru w’igihugu ca Uganda amaze imyaka irenga mirongo itatu ari kubutegetsi.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG