Uko wahagera

Abigeme b'i Chibok Barenga 100 Barasubiye Kwiga


Abigeme b'i Chibok i Abuja, muri Nijeriya.
Abigeme b'i Chibok i Abuja, muri Nijeriya.

Abigeme b'abanyeshure barenga 100 b’Abanyanijeriya baheruka kurekurwa n’abarwanyi b’umuhari wa Boko Haram wari wabanyuruje ubakuye kw’ishure ryabo rya Chibok mu mwaka wa 2014 barasubijwe mu buzima bw’ishure.

Abo bigeme bamaze indwi biga muri kaminuza y’Abanyamerika iri mu gisagara ca Yola muri Nijeriya, inyuma y’amezi atari make bari bamaze baruhutse kandi bavurwa ku buryo bwa reta ya Nijeriya.

Iyo kamuniza ya Yola yari isanzwe yigisha abandi bigeme 24 batorotse Boko Haram inyuma gato banyurujwe . Abigeme barenga 250 bahora biga kw’ishure ryisumbuye mu gisagara ca Chibok mu ntara ya Borno banyurujwe mu kwezi kwa kane umwaka wa 2014.

Kuva abo bigeme banyuruzwa, amakungu yarababaye gushika aho hatanguzwa umuhari wiswe "Bring Back Our Girls" bisigura “Tugarukanire Abigeme Bacu” waronse abanywanyi no muri Reta zunze ubumwe z’Amerika barimwo na Michelle Obama, umukenyezi wa Perezida Obama yahoze arongoye Amerika.

Mwomenya ko abandi bigeme barenga 100 gushik’ubu batararekurwa, bakwije imyaka itatu n’igice mu minwe ya Boko Haram.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG