Uko wahagera

Nijeriya: Abakobwa 82 b'i Chibok Bashitse mu Miryango Yabo


Abakobwa baheruka kurekurwa na Boko Haram
Abakobwa baheruka kurekurwa na Boko Haram

Abigeme b'abanyeshure 82 b’abanyanijeriya baheruka kurekurwa n’abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram, kur’uyu wa gatandatu niho bashikirizwa imiryango yabo I Abuja k’umurwa mukuru wa Nijeriya.

Abo bigeme bari mu bandi 276 batwawe bakuwe kw’ishure ryabo ry’i Chibok n’abarwanyi ba Boko Haram mu mwaka wa 2014.

Batanzwe ar’uko reta ya Nijeriya yemeye nayo kurekura umurwanyi yari yagize imbohe.

Abategetsi ba Nijeriya bavuga ko abo barwanyi banyuruje abo bigeme kugira batere ubwoba abanyagihugu ntibaze bongere kuza baravuga aho binyegeje.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG