Mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, ubwato bwarimwo abantu bari bahunze imirwano hagati y’abasirikare ba reta n’abarwanyi b’aba Mai Mai bwaribiye, abantu 20 barapfa, nkuko vyashikirijwe kur’uyu wa gatatu.
Marie Shematsi, umuvugizi w'ubutegetsi bw'intara ya Kivu y’uburaruko yavuze ko ubwo bwato bwibiye ku musi wa kabiri mu mazi yo mu kiyaga Édouard mu karere ka Lubero.
Akarere ka Lubero kari ku birometero 300 mu buraruko bwa Goma, umurwa mukuru w’intara ka Kivu y’uburaruko, aharangwa imirwi myinshi yitwaje ibirwanisho igizwe n’Abanyekongo hamwe n’Abanyamahanga imaze imyaka irenga mirongo ibiri itana mu mitwe.
Facebook Forum