Uko wahagera

Nyamugigima Imaze Guhitana Abantu 225 Muri Mexique


Kuri uno musi wa gatatu, abajejwe ibikogwa vyo kurokora abaguye mumasanganya mu gisagara ca Mexique no muturere two hafi yaho, babandanije kurondera abantu bashobora kuba baguweko nivyo nyamugigima yo kurugero rw’indwi n’igice yasenyaguye. Aho ni mugihe iyo nyamugigima imaze guhitana abantu bashika kuri 225.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mugihugu, Miguel Osorio Chong, yavuze ko igisirikare ca Mexique kumwe n’igipolisi bagiye ku bandanya ibikogwa vyo gutabara imbabare gushika aho batoye abantu bose boba bataritaba Imana.

Abanyagihugu bifatanije n’izo nzego z’umutekano mugutabara imbabare, inyuma yaho iyo nyamugigima ibaye ejo ku musi wa kabiri. Bagenda bakoresha ivyuma bikoma komeye ndetse bagakoresha n’iminwe mu kugerageza korondera abantu inyubakwa zishobora kuba zaguyeko.

Iyo nyamugigima yabaye neza na neza kubirometero 123 mubumanuko bushira ubuseruko bw’umugwa mukuru wa Mexici City.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG