Uko wahagera

Abatahutse Bakiwe mu Ntara ya Makamba


Abahungutse bariko barakiriza abari baje kubategera mw'ikambi y'infatakibanza y'i Gitara muri komine Mabanda y'intara ya Makamba. Umuruho n' inkungugu nivyo vyaboneka kuri abo barundi 486, inyuma y'amasaha yababa 5 bari bamaze mu rugendo rwabakuye mw'Ikambi y'i Nduta muri Tanzaniya gushika mu ntara ya Makamba baje bavamwo.

Amakuru twakuye mu bakozi b'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi, n'uko abenshi bahunze bavuye mu ma komine ya Kayogoro na Nyanza- lac , hakaba hari mu bihe vy'amatora yabaye mu 2015. Bamwe murabo bahungutse bamenyesheje ko banezerejwe no kubona bahungutse ngo kuko bari basigaye babaho mu buzima bubi.

Gloriose Berahino, umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati ajejwe kwakira impunzi no kuzisubiza agateka yahaye ikaze abo bahunguke , abasaba kwijukira imirimo yo kwiteza imbere kugira ntibaterwe n'ubukene. Yongeye kandi arababwira ko vuba bose bajanwa mu ma komine bahunze bavamwo.

Abo bahungutse basavye leta y'Uburundi kubafasha mu kubaronsa imbuto n'ibindi vyankenerwa kugira bashobore kwibeshaho; ngo bobafashiriza n'abana bahungutse mu gihe umwaka w'ishure ariho ugitangura.Abaserukiye ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impuzi HCR babahaye infungurwa zizobamaza amezi 3, ibihumbi 70 ku muntu akuze na 35 ku mwana, ihema hamwe n'ibitenge.

Abo bahungutse 486 bavuye mw'ikambi y'i Nduta bakurikiye abandi 220 batahukanywe mu ndwi irangiye bakirirwa mu ntara ya Ruyigi. Inyuma y'imibonano abategetsi b'Uburundi nabo mu gihugu ca Tanzaniya bagiraniye mu ntumbero yo gufasha impunzi z'abarundi bahungiye muri Tanzaniya guhunguka.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Chryssie Munezero yakurikiranye iyi nkuru ari mu ntara ya Makamba

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:19 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG