Uko wahagera

HRW Iraburira Reta ya Etiyopiya


Abigaragamvya baririmba indirimbo mu gihe bibuka isabukuru Irreecha.
Abigaragamvya baririmba indirimbo mu gihe bibuka isabukuru Irreecha.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch kur’uyu wa kabiri ryaragabishije reta ya Etiyopiya ko yogaba ko hashobora kuba iyindi migumuko mu gihe mur’ico gihugu himirije guhimbazwa isabukuru ishingiye kw'idini.

Iyabaye mu mwaka uheze yaranzwemwo imisunikano yatumye abatari bake bapfa mu gihe haba imisunikano bariko bahangana n'abajejwe umutekano.

Ubwoko bw’aba Oromo, bukomeye cane muri Etiyopiya bwama buhimbaza buri mwaka isabukuru yiswe Irreecha, aho bashimira Imana ku mihezagiro n’imbabazi yabagiriye mu mwaka warangiye.

Iyo sabukuru yama yitabwa n’abantu baharurwa mu bihumbi mu ntara ya Bishoftu, iri ku birometero bishika 50 mu bumanuko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru, Addis Abeba. Uyu mwaka izohimbazwa kw’itariki ya mbere y’ukwezi kwa cumi.

Itariki 2 y’ukwezi kwa cumi umwaka w’2016, mu gihe intara za Oromo na Amhara zari mu migumuko yiyamiriza reta, iyo sabukuru yahavuye ifata intumbero ya poritike, abaporisi barashwiragije abanyagihugu mu kubatera ivyuka bikoroza amosozi.

Abategetsi bavuze ko abantu 55 bapfuye, abatavuga rumwe na reta nabo bavuga ko abapfuye barenga abo. Imigumuko yo mu myaka ya 2015 na 2016, yo yahitanye abarenga 940.

Human Rights Watch isaba reta ya Etiyopiya kugaba ubwo bwicanyi ntibuze busubire.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG