Uko wahagera

Bombe Yahitanye 15 i Maiduguri muri Nijeriya


Igitero c’amabombe c’abiyahusi cahitanye abantu cumi na batanu, abandi batari bake barakomereka, uno musi ku wa mbere, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nijeriya.

Ico gitero cabaye igihe hariko haba igikorwa c’ugutanga ibifungurwa mw’ikambi y’abataye izabo mur’ako karere. Ako karere gakorerwamwo n’umurwi w’iterabwoba, Boko Haram.

Abagize ico gitero ukw’ari batatu bari abagore nkuko bitangazwa n’umukozi w’ishirahamwe ry’abagiraneza atashatse kw’izina ryiwe rimenyekana.

Ahabereye ico gitero ni ku bilometero mirongo ibiri umuntu avuye ku murwa mukuru w’intara ya Borno, Maiduguri.

Iyo ntara yarageramiwew n’ibitero bitari bike vy’umurwi Boko Haram kuva mu kwezi kw’umunani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG