Uko wahagera

Abantu 9 Baramaze Gufatwa mu Migumuko y'i St. Louis


Abapori b'i St. Louis, Missouri m'uruhigi rwa'abariko batera imigumuko, Sept. 16, 2017
Abapori b'i St. Louis, Missouri m'uruhigi rwa'abariko batera imigumuko, Sept. 16, 2017

Buramatari wa Reta ya Missouri muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, Eric Greitens kur’uyu w’Imana yaragabishije ko ubutegetsi buzofatira ingingo zikomeye abigenjeje nabi mu migumuko yiyamiriza irekurwa ry’umuporisi yishe umugabo w’umwirabure m'umwaka w’2015 mu gisagara ca St Louis.

Ivyo abitangaje inyuma y’aho akagwi gato k’abigaragamvya k’umusi wa gatandatu gatanguriye kumenagura ibiyo vy’amaduka, amazu y’uburiro, n’izindi nyubakwa kandi bagatera ico batoye cose abaporisi, mw’ijoro rya kabiri uko kwigaragamvya kwari kumaze.

Abantu bashika icenda nibo bafashwe mur’iyo migumuko yo kuwa gatandatu mu micungararo ya kaminuza yo mu gisagara ca St. Louis.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG