Uko wahagera

Urudaca ku Myaka ya Perezida muri Uganda


Umugambwe uri kubutegetsi muri Uganda utangaza ko ugiye gushikiriza mu nama nshingamateka ingingo yo gufuta mw’ibwirizwashingiro imyaka y’amavuko umukuru w’igihugu atorenza akiri kubutegetsi.

Iyo ngingo yemejwe, yoca iha umukuru w’igihugu Yoweri Museveni asanzwe atwaye ikiringo kitari gito, uburenganzira bwo gusubira kwitoza mumatora akurikira. Yamara integuro yiyo ngingo imaze gutangura gutera uruhagarara no mumugambwe aturukamwo.

Ntibikiri igihuha muri Uganda, abagize umugambwe wa (NRM) National Resistance Movement Party batangaje kuri uyu wa kane yuko mu kiringo c’indwi imwe bazoba bashikirije ingingo yo gufuta imyaka y’amavuko umukuru w’igihugu yemerewe kuba afise kugira ategeke igihugu.

Umushingamateka James Kakooza aturuka mumugambwe NRM, avuga kw’iyo ngingo ikumira. Yamara, abadashigikiye iyo ngingo yo gufuta imyaka y’amavuko umukuru w’igihugu yemeregwa gutwara, bavuga kw’abayipfuza bafise umugambi wo kugumiza Prezida Yoweri Museveni kubutegetsi.

Bernabas Tinkasiimire, nawe asanzwe aturuka mumugambwe w’umukuru w’igihugu NRM, nawe avuga ko adashigikiye umugambi w’uko Prezida Museveni aguma kubutegetsi. Avuga ati “igihugu nica twese,’. Ati “mukama, imyaka 35?”, ati “banyaUganda, muhaguruke ntitwemere ako karengane”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG