Uko wahagera

Trump Yifatanije n'Abakozweho na Irma


Murugendo rwo kwihweza ivyashikiye reta ya Florida inyuma yaho igihuhusi kibiciye biracika muri iyo reta, prezida wa Amerika Donald Trump avuga ko yashimishijwe n’ibikogwa biriko bikogwa n’abajejwe gutabara imbabare bifatanije n’abasirikare muri ico gikogwa.

Ico gihuhusi carononye ibintu vyinshi cane mukiringo c’imisi mike caciye mukarere k’uburengero bw’iyo reta.

Abantu 25 nibo bamaze kw’itaba Imana bitewe n’ico gihuhusi, umukuru w’igihugu akaba ashimira abitanze mubikogwa vyo gutabara no gukingira ubuzima bw’abandi banyagihugu bari gushobora kugwa muri ivyo vyago.

Muri urwo rugendo, Trump ari kumwe n’icegera ciwe Mike Pince. Bitegekanijwe ko Pence aza kugendera akarere ka Naples muri iyo reta.

Igihuhusi Irma caciye neza na neza muturere twa Fort Myers na Napels gifise umiyaga n’imvura y’isegenya, vyatumye haba imyuzurire mu bice bitari bike vya Florida.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG