Uko wahagera

Tanzaniya Yafatiye Ingingo Abanyamahanga Bacukura Ubutare


Perezida wa Tanzaniya, John Magufuli
Perezida wa Tanzaniya, John Magufuli

Reta y’igihugu ca Tanzaniya yafatiye ingingo zikomeye amashirahamwe acukura ubutare. Imenyesha kw’ayo mashirahamwe atariha amatagisi yayo.

Abahinga bavuga kw’iyo ngingo ishobora gutera ubwoba abanyamitahe.

Tanzaniya iherutse gufata ubutare bwa diamand bw’agaciro k’imiliyoni cumi na zitanu z’amadolari y’isosiyete y’igihugu c’Ubwongereza, Petra Diamond. Yagiriza iyo sosiyete igabanya agaciro k’ibidandazwa bigurishwa hanze y’igihugu.

Mu kwezi kw’indwi, Reta ya Tanzaniya yasavye sosiyete icukura izahabu, Acacia kuriha imiliyaridi ijana na mirongo icenda y’amadolari mu vyo ivuga kw’ar’amatagisi atarishwe. Reta ivuga kw’iyo sosiyete itavugishije ukuri ku nzahabu yagurishije hanze y’igihugu.

Perezida w’igihugu ca Tanzaniya, John Magufuli ntiyariye umunwa mu kuvuga kw’ayo masosiyete ariko asahura igihugu, kandi ko bamwe mu bagize uruhara mur’ubwo busuma ar’Abanyatanzaniya.

Umuhinga mu vyerekeye igisata c’ugucukura ubutare muri Tanzaniya, Fatma Karume yibaza kw’ingingo ya Reta iteye impungenge abanyamitahe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG