Uko wahagera

Igitero C'Amerika Cishe aba Al Shabab 6 muri Somaliya


Abarwanyi ba Al Shabab mu micungararo ya Mogadishu, muri Somaliya
Abarwanyi ba Al Shabab mu micungararo ya Mogadishu, muri Somaliya

Igitero c’indege z’ingwano za Reta Zunze Ubumwe z'Amerika kur'uyu musi wa gatatu cishe intagondwa z’Abayislamu zitandatu mu bumanuko bwa Somaliya. Ivyo vyatangajwe n’igisirikare ca Amerika.

Ico gitero cabaye hafi y’ibilometero amajana abiri na mirongo itandatu mu bumanuko bw’umurwa mukuru Mogadisho. Nta bindi birenga ngaho vyamenyeshejwe.

Ico gitero cagizwe n’igisirikare ca Amerika gifatanije na Reta ya Somaliya.

Igitero co kur’uyu musi ku wa gatatu kigira ic’icumi na kabiri inteko z'Amerika zigize ku murwi w’iterabwoba Al-Shabab muri Somaliya kuva kw’italiki imwe y’ukwezi kw’indwi.

Mu ndwi iheze igisirikare ca Amerika cagize ibitero bibiri bitandukanye vy’indege zitagira abadereva vyahitanye abarwanyi bane ba Al-Shabab.

Ku musi wa mbere, abantu cumi na batandatu barishwe, benshi muri bo abasirikare ba Reta, igihe abarwanyi ba Al-Shabab bagira igitero mu gisagara ca Beled Hawo kiri ku rubibe n’igihugu ca Kenya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG