Uko wahagera

ONU Yemeje Ibindi Bihano kuri Koreya ya Ruguru


Abagize akanama ka ONU kajejwe umutakano mu nama kuri Koreya ya Ruguru, New York City, Sept. 11, 2017.
Abagize akanama ka ONU kajejwe umutakano mu nama kuri Koreya ya Ruguru, New York City, Sept. 11, 2017.

Abagize akanama ka ONU kajejwe umutekano kw’isi kur’uyu wa mbere baremeje atawuvuyemwo ibihano bishasha kuri Koreya ya ruguru vyateguwe na Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Koreya ya ruguru yabujijwe gushora impuzu hanze kandi igabanirizwa ibitoro n’umwuka wa gaze yahora ikura hanze.

Ivyo bihano vyo ku ncuro ya munani kur’ico gihugu vyarashigikiwe n’Uburusiya hamwe n’Ubushinwa, ibihugu bifitanitaniye imigenderanire ya hafi na Koreya ya ruguru.

Koreya ya ruguru gihanwe ubugira kandi ku kugerageza ibirwanisho vya Nikleyeri vyo kw’itariki ya 3 z’ukwezi kw’icenda.

Amerika, Ubwongereza, Ubufaransa hamwe n’Ubutaliyano bivuga ko ivyo bihano ari ruhasha, atawo birenganya, kandi bituma ONU igumana ubumwe hagati y’ibuhugu bigize ako kanama.

Integuro ya mbere y’ibihano yateguwe n’Amerika yategekanya kubuza ibihugu gushorera ibitoro na bikeya ico gihugu hamwe na Gaze, kandi abanyekoreya ya ruguru bangana ibihumbi 93 bakora mu bindi bihugu bakirukanwa.

Amerika kandi yari yasavye gufata ubutunzi bwa Perezida Kim Jong-Un, afitiye mu mahanga hamwe no guhabwa uburenganzira bwa kugenzura ubwato bwaco buri mu mabahari.

Vyabaye ngombwa ko Amerika isubiramwo iyo nteguro igatezura bimwe bimwe kugira Ubushinwa n’Uburusiya bubishigikire.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG